Posts

Showing posts from May, 2024

Alain Guillaume Bunyoni ngo ariyemerera muburyo buziguye ko azi abishwa general Adolphe Nshimirimana na General Kararuza

Image
🔴 Bunyoni : "Nanyegeye kugira ntibangire nka Général Adolphe Nshimirimana".  Naho ata bishasha bivugwa mu rubanza rwa Général Bunyoni na bagenziwe, hari amajambo ahavugirwa atangaza cane abarwitaba, akaza afise insiguro zikomeye k'ukugene Uburundi butwawe mu ntwaro ya CNDD-FDD. Ubu Général Bunyoni niwe yiyemereza ivyo amashirahamwe aharanira agateka ka zina yari amaze imyaka ashira ahabona Leta ikabihakana.  Ejo haheze (27.5.2024), Général Alain Guillaume Bunyoni yarabajijwe icatumye ahunga urugo rwiwe igihe inzego z'umutekano zari zije kumusaka mw'ijoro ry'uwa 16-17.4.2023, yongera abazwa uwamuburiye. Bunyoni yishuye ko yaburiwe n'abantu babiri : Général de brigade Emmanuel Ndayiziga yamwa'dikiye message na Lieutenant-Général Silas Ntigurirwa yabimwibwiriye. Bunyoni yanasavye ko abo ba jenerali 2 barengutswa bakabazwa nabo ingene baburiye umuntu bari bazi ko ashaka gutembagaza ubutegetsi. 🔴 "Sinari kurindira ngo nicwe...' Bunyoni yasiguye g...