Alain Guillaume Bunyoni ngo ariyemerera muburyo buziguye ko azi abishwa general Adolphe Nshimirimana na General Kararuza
🔴 Bunyoni : "Nanyegeye kugira ntibangire nka Général Adolphe Nshimirimana".
Naho ata bishasha bivugwa mu rubanza rwa Général Bunyoni na bagenziwe, hari amajambo ahavugirwa atangaza cane abarwitaba, akaza afise insiguro zikomeye k'ukugene Uburundi butwawe mu ntwaro ya CNDD-FDD. Ubu Général Bunyoni niwe yiyemereza ivyo amashirahamwe aharanira agateka ka zina yari amaze imyaka ashira ahabona Leta ikabihakana.
Ejo haheze (27.5.2024), Général Alain Guillaume Bunyoni yarabajijwe icatumye ahunga urugo rwiwe igihe inzego z'umutekano zari zije kumusaka mw'ijoro ry'uwa 16-17.4.2023, yongera abazwa uwamuburiye. Bunyoni yishuye ko yaburiwe n'abantu babiri : Général de brigade Emmanuel Ndayiziga yamwa'dikiye message na Lieutenant-Général Silas Ntigurirwa yabimwibwiriye. Bunyoni yanasavye ko abo ba jenerali 2 barengutswa bakabazwa nabo ingene baburiye umuntu bari bazi ko ashaka gutembagaza ubutegetsi.
🔴 "Sinari kurindira ngo nicwe...'
Bunyoni yasiguye gutya impamvu yaciye anyegera :
"Général Adolphe Nshimirimana yarashwe n'abantu bambaye umwambaro w'inzego kandi ntibigeze bafatwa !
Général Athanase Kararuza yarashwe n'abantu bambaye umwambaro w'inzego z'umutekano kandi ntibigeze bafatwa. (...)
None ni jewe, nka Général de Police, nari kwigerezako abajenerali 2 bamaze kumburira ko hatanzwe itegeko ryo kundasa mu gihe bari kuba bahejeje kunsaka ?
🔴 Ubutumwa buhambaye : abishe Général Nshimirimana na Général Kararuza ntibafashwe !
Hari abasirikare n'abapolisi bamaze imyaka 9 mu munyororo bagirizwa ko aribo bishe Général Adolphe Nshimirimana ku wa 02.8.2015. Abo bantu baraburanye barerekana neza ko, igihe Adolphe Nshimirimana yicwa, batari bari i Bujumbura. Sentare zararonse ivyemezo bikwiye ariko ziguma zibarenganya. Bamwe urubanza rugeze muri Sentare Ntahinyuzwa ariko vyaranse ko batunganirizwa. Muri ico kiringo cose, Général Bunyoni yari ajejwe umutekano. Inzego yari arongoye nizo zabesheye abo bantu. Général Bunyoni yaraye yerekanye ko yari azi neza abishe Adolphe Nshimirimana ariko arareka hapfungwa inzirakarengane.
Urupfu rwa Général de brigade Athanase Kararuza rwavuzweko vyinshi. Général Kararuza na Général Rugigana bari bamaze imisi mu biganiro na Général-Major Evariste Ndayishimiye mu ntumbero yo kurondera ko hasubira kugenwa umushikiranganji wo kwivuna abansi avuye mu bahoze mu gisirikare ca keta (exFAB) nkuko vyari bisanzwe bikorwa umushikiranganji w'umutekano akava mu ba ex-FDD nawe uwujejwe abasoda akava mu ba ex-FAB. Ibiganiro vyari bigeze kure kandi bamwe mu baserukira ibihugu vya Bulaya bari babishigikiye. Prezida Nkurunziza yoba yari yerekanye ko ashaka kugena Général Kararuza. Rwari uruhendo. Bamwe mu ba jenerali bahoze bagwana muri CNDD-FDD bari bararahiye bararengwa ko, inyuma ya Général-Major Pontien Gaciyubwenge, ata mu exFAB azosubira kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi. Ako karwi kavyanse karimwo Général Alain Guillaume Bunyoni, kagirako karavyumvisha Prezida Nkurunziza. Kwica Général Kararuza vyari bifise intumbero zibiri : guhora urupfu rwa Colonel Darius Ikurakure no guhebuza aba exFAB ko batagisubira kuronka ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Nkuko Général Bunyoni yabivuze, Général Kararuza yishwe n'abasirikare bambaye umwambaro w'Igihugu. Amakuru dusanganywe avuga ko abo basoda bari barongowe na Lieutenant-Colonel Dismas Sindaye batazira "GAFUNI" yari yahawe gutwara Bataillon Génie de Combats yo ku Muzinda. Benshi mu bakoze iryo bara bari mu bahoze bagendanira Darius Ikurakure. Abandi bavuzwe mu gitero cahitanye Kararuza n'abakozi b'iperereza bari barongowe n'uwo batazira Kazungu, haranavuzwemwo Colonel Désiré Uwamahoro.
Ariko abafashwe ico gihe ntaho bahuriye n'abakoze iryo bara. Ico gihe hafashwe abasirikare b'aba exFAB bari bararira Général Fabien Nzisabira yari aherutse kurungikwa mu buserukizi bw'Uburundi mu Bubiligi.
🔴 Hano Général Bunyoni yavuze ivyo azi koko. Arazi ingene ubutegetsi bwa CNDD-FDD bugandagura abantu bukaca buraba abo bubeshera, bagapfungirwa ivyo batazi. Général Bunyoni yaragize uruhara rukomeye muri ivyo binyoma bipfungiye abantu ubusa. Ntivyumvikana ingene Sentare Ntahinyuzwa itaciye ibikorerako maze ikarekura inzirakarengane zagirizwa urupfu rwa Adolphe Nshimirimana.
Uko abo bose baciriwe imanza z'amanyanga niko biriko biragendera na Général Bunyoni yabashizeko ico ceyi. N'abariko barabikorera Bunyoni uno musi niko nabo nyene bizobagendera. Mu ntahe y'uno musi, Colonel Désiré Uwamahoro yafashwe n'ishavu aca asa n'uwutera ubwoba umuhikirizamanza ati : "urabizi neza ko tutazohera muri uyu munyororo, ivyo binyoma utwambika uzovyishura nawe uze aha turi !"
----------------
Comments
Post a Comment