Intwari y'akarorero mu Burundi 🇧🇮
Intwari Jeanne Gapiya.
Ntitwibagire urugamba rwo kurwanya SIDA, iracariho !
Ejo haheze (01.12.2023), wari umusi mpuzamukungu wo kurwanya ikiza ca SIDA. Mu gihe ca none, SIDA ntivugwa nkuko vyari bimeze twebwe tukiri bato. Urwaruka rw'uno musi ntirubwirwa kwirinda SIDA nkuko vyavugwa mu gihe cacu tukiri imiyabaga. Ariko ibiharuro vyerekana ko 60% y'abandura SIDA muri kino gihe ari abakiri bato.
Kuri uno mugoroba, ndipfuza gusangiza abakiri bato inkuru y'iyi ntwari Uburundi bwibarutse. Umupfasoni Jeanne Gapiya yabaye imboneza mu rugamba rwo kurwanya SIDA mu Burundi.
SIDA mu myaka ya za 1980...
SIDA ni ingwara yadutse mu mpera ya 1970. Mu 1981 niho abaganga bo muri Leta zunze Ubumwe z'Amerika batangura kwiga ibijanye n'ingwara babona canecane ku bahuza ibitsina babisangiye. Mu ntango bayita 'kanseri y'abatinganyi" (Gay Cancer). Ariko mu 1982 abahinga bahavuye bamenya ko iyo ngwata ifata bose, ica ihabwa izina rya AIDS muri Amerika ari ryo zina ryahinduwe SIDA mu gifaransa (vyabereye muri Canada).
SIDA ni ingwara iteye ubwoba. Iterwa n'umugera bita VIH, winjira mu mubiri ukarwanya abasirikare b'umubiri. Uko abasoda b'umubiri bagabanuka niko ingwara nyinshi cane zica zaduka, umuntu akonda akihererako, akagira ubushuhe, agacibwamwo, ... Inzira zo kwandura iyo ngwara ni zitatu : amabanga mpuzabitsina, guhuza amaraso biciye mu bitobora uruhu, be n'umuvyeyi ashobora kwanduza umwana canecane mu gihe co kwibaruka.
Igihano c'Imana ?
Kuva hagati y'imyaka ya za 1980 gushika mu ntango ya za 2000, iyi ngwara yarakoze ibara. Abantu benshi baragwaye, barayihanahana batabizi. Hari imiryango yahitswe gufudika kubera iyi ngwara. Akarorero : umusirikare aba ahantu ku gatumba, aja kuraba urugo rimwe mu mezi atandatu, kumbure bikamushikira agasambana n'umwigeme agwaye iyo akorera mu gisagara. Gutyo akaba aranduye. Aduze ruguru agasiga nawe ayihaye umukenyezi wiwe. Ugasanga birashitse se w'uyo musirikare agiye gutera intobo ku mukazana basigarana gatumba, nawe akaba aranduye. Wa mutama akanduza umukenyezi wiwe. Bamwe bamaze kwandura ugasanga babandanije gukwiragiza umugera mu kibano, mu muryango. Umugera ukarandagata, mu myaka ine canke itanu, umuryango wose ukaba uri ku musego, bagenda barapfa umwumwe. N'abana baraheza bagashikirwa kubera ingwara itari izwi, ugasanga bariko baratizanya ibikwashu, inzembe n'ibindi bitobora uruhu. Iyo myaka, nta muti n'umwe wariho, SIDA yarica abantu mu mwanya muto cane.
Mu ntango ya za 90, SIDA yaravugwa cane, ariko yari izwi canecane nk'ingwara y'abasambanyi. Uwuyigwaye yafatwa nk'igicibwa, arenganye abantu baramutuma urutoke, mu kibano yahinduka uruvugo. Abantu baratinya kwegera uwugwaye bakibaza ko umuramukije gusa ushobora guca wandura. Mu mitumba ruguru ho abanyagihugu bari bazi ko SIDA ari ingwara yo mu gisagara. Babonye umwigeme yambaye ipantaro, canke uwakoresheje imishatsi, bafata ko uyo ari uwugwaye SIDA. Hari abaduga iwabo, baciye mw'isoko rigahakwa kuremura ngo babonye SIDA.
Jeanne Gapiya kuri Cathédrale Regina Mundi i Bujumbura...
Jeanne Gapiya yamenyekaniye mu 1994. Ico gihe yari mw'isengero kuri Cathédrale Regina Mundi. Gapiya yari amaze umwaka yipimishije, ari naho yamenya ko agwaye SIDA. Yari yashinze urugo rwiwe mu 1987. Mu 1988 niho umuganga yamubwira ko akana kiwe k'imfura kakunda kugwaragurika ko gafise SIDA. Uyu mwana yapfuye afise umwaka n'inusu. Mu 1989, umugabo wa Jeanne Gapiya nawe nyene yaritavye Imana ahitanywe na SIDA. Iyi ngwara yari imaze kumutwara uwundi mwigeme bavukana be na musazawe umwe rudende. Gapiya yari afise agahinda kenshi kubera iyi ngwara.
Uwo musi mw'isengero, kuri Cathédrale Regina Mundi, niho Patiri yigisha ko SIDA ari igihano Imana yarungitse ku basambanyi. Aya majambo yarababaje cane Jeanne Gapiya, yibuka ikibondo yabuze ku mwaka n'inusu, yumva agahinda ko kubona umugwayi wa SIDA atagira uwumutahura kugeza no mu ngoro y'Imana. Jeanne Gapiya arahuguruka mw'isengero, abakristu bose barumirwa. Iyo Patiri ariko arasigura, nta wundi aba arekuriwe kuvuga. Maze Jeanne Gapiya araba Patiri mu maso, aramubaza ishengero ryose ryumva : "Mbe Pati, nimba avagwayi ba SIDA ari igihano baronse kubera ivyaha, wombwira icaha umwana wanje yakoz kugira yicwe na SIDA ku mezi 18 gusa ?" Agacerere mw'isengero.
Bwari ubwambere umurundi yubahuka kwemanga mu bantu ko agwaye SIDA. Ico gihe Jeanne Gapiya yari afise imyaka 31. Yari yapfakaye afise imyaka 26 gusa. Nticari ikintu coroshe. Ariko amaze kuvyemanga, ntaco yari acera. Guhera aho, abandi bagwaye batangura kumwegera, bashinga ishirahamwe ANSS. Ntawovuga intambara uyu mukenyezi yagwanye uko zingana. Ku bwiwe abagwayi ba SIDA barabaye abagwayi nk'abandi. Ku bwiwe, SIDA yaramenyekanye icarico mu Burundi. Tukiri mu mashure yisumbuye yaratugendeye aradusigurira. Ku bwiwe, abagwayi benshi bararonse imiti yo gupfupfahaza, ni benshi baronse izindi mfashanyo zo kubaho. Ku bwiwe impfuvyi nyinshi cane za SIDA zararonse ubufasha. Ku bwiwe, Leta yarafashe mu minwe ikibazo ca SIDA, kiraba ikibazo c'igihugu.
Jeanne Gapiya ni umukenyezi w'imyaka 60, yuzuye ubuzima n'ivyizigiro. Mu 1999, Jeanne Gapiya yarasubiriye arubaka urugo. Ubu ni umuvyeyi w'abana babiri. Uyu mukenyezi ni itunga rikomeye ry'Uburundi. Mu gihe isi yibuka kino kiza, twibuke urugamba rwa Jeanne Gapiya mu kwibutsa urwaruka ko SIDA iriho kandi yica, mu kwibuka kandi gushigikira abagwayi ba SIDA. Ntitukabacire imanza, ntitubakumire kuko ni abantu nk'abandi, bashoboye ivyo TWESE dushoboye nkuko Jeanne Gapiya avyerekana buri musi. Abamaze kugwara ntimwihebure, mwirinde kwanduza abandi, mushingire intahe abataragwara, mwitwararike amagara yanyu, kazoza karacariho. Jeanne Gapiya aramaze imyaka 30 amenye ko agwaye ariko nticabujije ko arangura ibikomeye, mbere abera icitegererezo benshi.
Imana ishimwe yo yaduhaye iyi ntwari Jeanne Gapiya. Imuturambishirize, ibandanye guhezagira imirimo yiwe n'abo bafadikanije muri ANSS.
Comments
Post a Comment