umushingamateka Oliver ni muntu ki?

 #Agapapu  

馃敶 Umushingamateka Olivier Suguru yoba ariwe yimirije gufatwa n'agapapu ?

"Politike y'agapapu" ni ijambo duherutse kwigishwa n'umwe mu bazi neza ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Niwe yavuze ingene muri ubwo butegetsi bareka umuntu agatunga cane, kenshi biciye mu manyanga, hanyuma igihe kigeze bakamupapura bwa butunzi babanje kumupfunga bakamurekura atanze amamiliyaridi atawuzi iyo aca ajanwa. Bamwe mu bakunze gukorwako n'iyo politike ni "abarwizatunga" bashigikiwe n'ibihangange bagiye barahabwa amasoko adatahuritse ya Leta. Uwavuba aherutse gufatwa n'agapapu ni umudandaza Sylvestre Niyonsaba, yari yafashwe inyuma gato ya bendahamwe wiwe Dieudonn茅 Murengerantwari, none aherutse kurekurwa vy'agateganyo atanze amamiliyaridi. Uwundi benshi bibuka ni umudandaza Prosper Hakizimana batazira Gisiga. Ingorane y'agapapu nuko n'iyo umaze gutanga ayo mahera, usubira ugafatwa bakakwaka ayandi.

馃敶 Olivier Suguru ariko aravugwa mu busuma bw'amavuta agenewe abapolisi.

Umushingamateka Olivier Suguru asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa soci茅t茅 SAVONOR. Kuva ku butegetsi bwa Nkurunziza, Suguru ni umuntu yagiye araronka amasoko adasanzwe mu nzego z'umutekano n'igisirikare (amasoko yo kugura imyambaro n'ibirato vy'abasirikare, n'ibindi). Ni kenshi izina ryiwe ryavuzwe mu manyanga aba muri benayo masoko, aho haba havugwa amamiliyaridi menshi yoba asangira na bamwe mu bihangange. Olivier Suguru yavugwa ko yakorana na Prezida Nkurunziza. Anakekwa ko ari mu bo Nkurunziza yarungika kunyegeza amafaranga yiwe hanze y'igihugu.

Muri ino misi hari dosiye iteye ubwoba Olivier Suguru. SAVONOR isanzwe ifitaniye amasezerano n'igipolisi yo gutanga amavuta y'amamesa akoreshwa mu kugaburira abapolisi bose mu gihugu. Ni amasezerano y'imyaka ine : kuva muri 2020 gushika muri 2024. Ivyo bimeze gutyo mu gihe abapolisi bo mu ntara z'uburaruko bo bavuga ko bamaze umwaka bataronka amavuta.

Akarere k'igipolisi mu buraruko bw'igihugu gakoresha ku mwaka amabido ibihumbi indwi (7.000). Ayo mavuta afise agaciro kababa umuliyaridi w'amarundi. Ayo mavuta yanditswe ko yasohotse muri SAVONOR kandi ko yashitse mu bubiko bw'igipolisi mu ntara z'uburaruko. Mu gipolisi bagiye kubaza amavuta yabo muri SAVONOR basanga amavuta yarasohotse. Basanzeyo n'imikono ya Colonel J茅r么me Maniraho yari ajejwe ububiko bw'igipolisi mu ntara z'uburaruko, imikono yemeza ko yakiriye ayo mavuta. Nuko amatohoza aba aratanguye.

馃敶 Ihagarikwa rya Colonel J茅r么me Maniraho n'umukenyezi Marie-Rose Nzeyimana.

Ku wakabiri uheze (28.11.2023), Colonel J茅r么me Maniraho yaratumweko muri Police Judiciaire kubazwa ibijanye n'ayo mavuta yasinyiye ko yashitse mu bubiko bw'igipolisi mu ntara z'uburaruko ariko akaba atigeze ashika. J茅r么me Maniraho yisiguye ko yavuye mu mabanga ya Logistique mu ntara z'uburaruko muri nyakanga 2022, ko adashobora kubazwa ivy'ayo mavuta kandi atari akiri mu mabanga. J茅r么me Maniraho ntiyatashe, yaciye ahagarikwa.

Bukeye, ku wagatatu, igipolisi cagiye guhagarika uwujejwe ububiko muri SAVONOR, Marie-Rose Nzeyimana. Ifatwa ry'uyu mukenyezi ntiryoroshe. Abapolisi bageze muri SAVONOR isaha zine z'igitondo baza kumujana isaha icenda, inyuma y'impari ndende. Bivugwa ko Umushingamateka Olivier Suguru yariko arakora ivyo ashobora vyose ngo uwo mukenyezi ntahagarikwe.

Ageze mu gipolisi, Marie-Rose Nzeyimana yarerekanye impapuro (bordereaux d'exp茅dition) zemeza ko amavuta yashikanywe i Ngozi mu bubiko bw'igipolisi kandi yakiriwe na Colonel J茅r么me Maniraho. J茅r么me Maniraho yararahiye ararengwa ko imikono iri kuri izo mpapuro atari iyiwe, ahubwo yiganywe. Aca asaba ko bahamagara igisongerezi Brigadier Alexis Hakizimana bakorana ico gihe, ati : "sinashobora gusinya bordereau, uyu mu brigadier atabanje gusuzuma ibije akabiharura neza, akabona kunzanira bordereau." Brigadier Alexis Hakizimana baramuzanye, nawe nyene yavuze ko ayo mavuta atigeze azanwa mu gipolisi i Ngozi.

馃敶 Intahe y'umukozi wa SAVONOR yitwa Aimable.

Marie-Rose Nzeyimana yahavuye asaba ko bahamagara umukozi wa Sovonor yitwa Aimable, yari ajejwe guherekeza ayo mavuta. Aimable yaremeje ko amavuta yasohotse akava muri SAVONOR, ariko ko batayajanye i Ngozi. Yavuze ko basohotse, Marie-Rose Nzeyimana yaca amuha inomero y'umuntu yahamagara bagahurira kuri Chanic, ari nawe yaca amwereka iyo bajana ayo mavuta. Aimable yemeza ko amavuta yose bayajanye mu Kamenge ku nzu iri kw'ibarabara rya 13, ari naho bayapakururira yose, bagaca basubira inyuma.

Ku kijanye na za "bordereaux d'exp茅dition", Aimable yavuze ko yahora abaza Marie-Rose Nzeyimana uko biza kugenda mu gihe bordereaux zisanzwe zijako umukono w'uwakiriye amavuta. Aimable avuga ko Marie-Rose Nzeyimana yaca yakira bordereaux akamubwira ko ibindi azovyimenyera.

Aimable amaze gutanga intahe, bano bantu bose baciye bapfungwa mu gipolisi c'inyamiramabi (Police Judiciaire).

馃敶 Ikibazo kigeze muri Sentare yo kugwanya ibiturire

Ku wakane (30.11.2023), bano bantu bararengukishijwe muri Parquet ya Cour Anticorruption. Bamaze kwumvirizwa baciye bahagarikwa bajanwa mw'ibohero rikuru rya Mpimba, kiretse Aimable akiri mu gasho ka Police Judiciaire.

Bivugwa ko Umushingamateka Olivier Suguru ariko arakora ibishoboka vyose ngo iyi dosiye ntibandanye, ahubwo bayinigire mu menshi. Ariko umuvuduko iriko biragoye kwibaza ko izogarukira ngaho, na rirya imaze kumenyekana ikaja ahabona.

Uburundi bwacu bwaragowe. Kwumva ko hariho abantu bahitamwo kwiba imfungurwa zigenewe abapolisi b'abakarere kose k'igihugu, bakaryama bagasinzira ataco binona, bahejeje guterura umuliyaridi w'igihugu, biragoye kuvyumva. Ikibabaje hano nuko bagira kwiba uwo muliyaridi w'igihugu, bakongera bagasubira bakagurisha ya mavuta uwundi muliyaridi.

Ivyo ni ivyabonetse. Ubwo bivye ayo mavuta yonyene y'akarere k'uburaruko canke n'ubundi burere bw'igipolisi bwarashikiriwe ? Bapolisi bo mu zindi ntara, mweho muraronka amavuta yo guteka ? Hariho imirwi vyokworoha kwiba, ariko bigeze ku bapolisi biratangaje cane.

馃敶 Ni nde wundi yari azi buno busuma muri SAVONOR no mu gipolisi ? Kubera iki Umushingamateka Olivier Suguru yoba ashaka ko ino dosiye itagera kure ? Amatohoza azogarukira hehe ? Agapapu koba kagira gakore kuri uyu mwizigirwa adasanzwe w'umuhisi Prezida Nkurunziza ? Imisi iri imbere itubikiye vyinshi.

Amakuru dukesha umumenyeshamakuru King:Umurundi ku rubuga rwiwe rwa X (Twitter).

Comments

Popular posts from this blog

Intwari y'akarorero mu Burundi 馃嚙馃嚠

Ikiza gishasha Mu burundi馃嚙馃嚠??