Umutekano.Igisirikare c'Uburundi kirahakana ko ata bagwanyi baco bari gukwana numugwi 23 mur repubrika iharanira demukarasi ya congo

 

Intwaro Ya Evariste Ndayishimiye irangwa n'ikinyoma mu bisata  vyose vy'igihugu tutibagiye no mu gisirikare c'uburundi .Turibaza duti abasirikare B'Uburundi bariko basesa amaraso kubw'Igihugu ca RD Congo  bariko baziriki?Ko na leta y'Uburundi yabarungitse iriko irabihakana mukubambika ibara ko batorotse mubirindiro barimwo bakaja  kwifatanya nimigwi igwana. Turashaka gukebura #Evariste ndayishimiye tumwibutsa ko abarundi atari abana kandi bazi ukuri.
🔴 —Igisirikare c'Uburundi kirahakana ko ata basirikare baco bari mu ntambara za M23 muri Nord Kivu

Nk'uko biri mw'itangazo ryaciye ku rubuga rwa X rw'ibiro bikuru vy'intwaramiheto FDNB, ngo uwitwa Bertrand Bisimwe arongoye umuhari w'abarwanyi M23 ngo ariko arambika ibara igisirikare c'Uburundi aho acagiriza kwivanga mu ntambara zihuza M23 n'abasirikarw ba RDC.

Mw'itangazo Bertrand Bisimwe yanditse, yavuze ko hari bamwe mu ngabo z'Uburundi ziri mu butumwa bwa EAC bwo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, boba bagiye kwifadikanya n'imihari irwana yegamiye Reta ya Congo, kugira ngo barwane n'umuhari M23 mu ntambara ziriko zirabera mu ntara ya Nord Kivu.

Colonel Floribert Biyereke avugira urwego rw'ukwivuna abansi rw'uburundi avuga ko ibirindiro vy'abasirikare b'Uburundi bari muri Congo bizwi aho biherereye kandi ko batigeze bava mu makambi.

Kubwiwe, ngo amajambo mwene ayo yerekana ko M23 yoba ifise iyindi migambi yo gusomborotsa ingabo z'Uburundi. Akagabisha ko nka hamwe hogira ikiba ku ngabo z'Uburundi, zizofata ingingo zo kwivuna.

Ariko Bertrand Bisimwe arongoye M23 we akavuga ko bamaze kwitura umunyamabanga mukuru wa EAC biyamiriza ukwivanga k'Uburundi kwaba ukwa politike canke ukwo mu buryo bwa gisirikare mu gushigikira imihari irwana na M23.

Musomyi ivyiyumviro vyanyu birakenewe.

Comments

Popular posts from this blog

Intwari y'akarorero mu Burundi 🇧🇮

Ikiza gishasha Mu burundi🇧🇮??