Agathon Rwasa uherutswe kwakwa umugambwe bifashijwemwo nubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye Peresident w'Uburundi barategekanya kumufunga kugira ntabone uko azokwitoza mu matora ya 2025
🔴 Agathon Rwasa yoba ategurirwa gupfungwa ?
Mu gihe Hon. Agathon Rwasa yari mu rugendo muri Sénégal, aho yari umurorerezi w'amatora, ubutegetsi bw'Uburundi bwagumye bukurakuranya amakuru asa nayo kumutera ubwoba. Amakuru yambere yavuye mu ruhande rw'abavuga ko baherutse kubogoza Agathon Rwasa mu burongozi bw'umugambwe CNL. Iri shami rya Nestor Girukwishaka rivuga ko ririko riregaranya urutonde rw'ibintu vyose bibuze mu ngoro za CNL kuva mu gihugu hagati kugeza ku ngoro yo ku rwego rw'igihugu, hanyuma bace babishikiriza inzego zibijejwe. Hano vyumvikana ko Nestor Girukwishaka ategura kwitwarira Agathon Rwasa ko yivye ibikoresho vy'umugambwe. Aho ni mu gihe Agathon Rwasa we yemeza ko ariwe kugeza ubu aramutswa CNL.
Amakuru ya kabiri yatanzwe n'ubushikiranganji bujejwe intwaro yo mu gihugu hagati n'umutekano. Lieutenant-Colonel Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji yatangaje hirya y'ejo ko abanywanyi ba Agathon Rwasa bariko barakora iterabwoba ku Mushikiranganji Martin Niteretse, mu kubaza aho aba n'imparati y'imodoka agenderamwo. Uwo musi nyene mu gatondo, Martin Niteretse ubwiwe yari yarungikiye Agathon Rwasa ubutumwa muri WhatsApp asa n'uwumutera ubwoba. Ubwo bushikiranganji buragabisha Rwasa n'abanywanyi biwe ku nkurikizi z'ivyo bintu. Na hano biboneka ko ubutegetsi bugabisha ko bushobora gupfunga Agathon Rwasa.
Abandi babikurikirana babona ko ubutegetsi bwipfuza ko Hon. Agathon Rwasa yota agahunga. Ivyo babikura k'ukugene igihe Rwasa aba ari hanze y'igihugu, ubutegetsi bikunze gukora ibintu biteye ubwoba ku buryo yoshobora gusha coba akagumayo. Iyo ndoto y'ubutegetsi bwa CNDD-FDD kugeza ubu ntirakunda. Nkuko yaraye abikoze, Agathon Rwasa yama asubira akaguruka mu gihugu.
Ibintu vyifashe gutyo mu gihe Prezida Ndayishimiye yoba yararahiye ko adashobora kuzosubira guhiganwa na Agathon Rwasa. Raporo z'iperereza zoba zimubwira ko iryo higanwa ribaye ritomworohera na gato. Ubutegetsi butegura gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira Agathon Rwasa ntaze yitabe amatora ya 2025 na 2027.
Comments
Post a Comment